IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Beyonce > Nouvelles > Beyoncé yemeye ko yaririmvye indirimbo yari yafashwe kuri CD

Beyoncé yemeye ko yaririmvye indirimbo yari yafashwe kuri CD

samedi 2 Ruhuhuma 2013

Umuririmvyi w’umunyamerika Beyoncé yarahaye ikiganiro abamenyesha makuru kugirango yemeze ko indirimbo ihayagiza Amerika,yaririmvye mubirori vyo kwimika perezida Obama yari ifashwe kuri CD. Yarishuye no kubibazo bitandukanye vy’abamenyeshamakuru.

Imbere y’uko agaruka ku birori vyo kwimika Obama, yaraboneyeho akanya ko kumenyesha ko ivyo bamwagiriza ngo ntazi kuririmba neza indirimbo zidafatiwe kuri CD atarivyo .Abo ngo ni abashatse kumucafuza.

Amaze gushika imbere y’abantu yaciye aririmba iyo ndirimbo ihayagiza igihugu ca Amerika kandi akaba yayiririmvye ata CD akoresheje kugirango abereke ko abishoboye kuririmba indirimbo zidafatiwe kuri DC.

JPEG - 71.2 ko

Ariko rero naho yerekanye ko abishoboye, abamenyeshamakuru baramubajije igituma mu birori vyo kwimika umukuruw’ico gihugu atayiririmvye n’ijwi ryiwe. Beyoncé akaba yisiguye avuga ko yabikoze kuko atari yumva amerewe neza kandi mu birori bikomeye gutyo ngo vyasaba kwitegura cane nawe akaba atamwanya ukwiye yari yaronse wo gutegura neza, ndetse ngo n’ikirere cashobora kutamworohereza.

Uwo muririmvyi yari asanzwe ariko arategura igiteramo gikomeye, ivyo rero ngo vyamutwara umwanya munini wo gutegura ari naco gituma atamwanya yaronse wo gutegura neza indirimbo ihayagiza igihigu ca Amerika kuburyo yoyiririmba n’ijwi ryiwe ryonyene. Ikindi n’uko ngo yashaka kubika ijwi ryiwe kugirango ashobore kunezereza isinzi ry’abantu bamurindiriye mu giteramo.


Marie Claire Ingabire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.