Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Beyonce > Nouvelles > Bimwe mu vyo Beyoncé yandikiye Angela Merkel na Nkosazana Dlamini-Zuma
Bimwe mu vyo Beyoncé yandikiye Angela Merkel na Nkosazana Dlamini-Zuma
lundi 9 Ntwarante 2015
Umurwizatunga n’umuririmvyikazi Beyoncé yandikiye ikete umwamikazi atwara ingoma y’Ubudagi Angela Merkel na Nkosazana Dlamini-Zuma arongoye "Commission de l’Union Africaine". Iryo kete Beyoncé yanditse rigizwe n’ubutuma bwo gufasha abagore n’abakobwa bazingamitswe n’ubukene.

Beyoncé afadikanije n’abandi baririmvyikazi n’abakinyikazi b’amareresi Lady Gaga, Meryl Streep na Charlize Theron bandikiye abo bagore babiri b’ibihangange kw’isi(Angela Merkel na Nkosazana Dlamini-Zuma) kugira bafashe gukura abagore n’akobwa mu bukene buteye ubwoba.
- Nkosazana Dlamini-Zuma
Ikete ritangura uku:"Imbere ya vyose, murakoze ku butwari bwanyu no ku karorerero mutanga ku bakobwa no ku bagore". Ku bw’amakuru atangwa n’ikinyamakuru Huffington Post, Beyoncé n’abo bari kumwe baryanditse ku munsi mukuru mpuzamakungu wahariwe umugore, baryanditse bisunga inama rukokoma izobera mu Budagi no muri Afrika y’Epfo muri Ruheshi. Bati:" Hamwe ingingo zofatirwa muri iyo nama zotanga icizere, coshitsa ku muzirikanyi imigambi mishasha y’abagore n’abakobwa bo kw’isi."
Beyoncé avuga kw’izina ry’abakobwa n’abagore batashobora kuja mw’ishuri, kwivuza, abavyeyi bapfa bariko baribaruka, abagore ba ntahonikora, badashobora gutunga ka ngendanwa, badashobora kuronka umuyagankuba mu mazu yabo, n’abo badashobora kwitwarira imbere y’ubutungane ababahohotera ubuzima bw’abo.
Muri iryo kete rya Beyoncé handitse hati:" Ubukene n’ibwo butuma haba ubusambanyi kandi ivyo ntibizohinduka mu gihe abagore n’abakobwa batofatwa nk’abandi bantu, mu gihe kandi abarongozi n’abene gihugu bose bo kw’isi batovira hasi rimwe bahindura ibintu. Ndazi neza ko hamwe twoshigikira abakobwa n’abagore, tukabubahiriza amateka n’amategeko abagenga, isi yose yohatorera akoyokwe."
- Angela Merkel
Beyoncé abandanya ati:"hamwe hofatwa ingingo zihagije, mu mwaka w’i 2030 ubukene bukabije businzikaje abagore n’abakobwa vyoba vyahavuye. Uno mwaka w’i 2015, dushiremwo inguvu, dusabe ivyiza turekurirwa". Arangiza abwira Angela Merkel ati:" Hamwe wobishira mu vyigwa ngenderwako, abagore n’abakobwa bazogukurira ubwatsi, kandi bazobona ko ivyo ubemereye ubu uzobishikana muri kazoza".
Cherif Nkeshimana
Messages
10 Ntwarante 2015, 17:12, par rupande
Ngo ubukene nibwo butuma haba ubusambanyi? Sindavyemeye cane, mb ivyo bikobwa vyizavyiza mbona aho mri ville ko bimwe bifise nubuzi bwizabwiza aho ntabahora babigirira akantu? Uwubishoboy anyishure