Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Fariouz > inkuru > Big Fizzo yoba agiye gusubira mu Bufaransa
Big Fizzo yoba agiye gusubira mu Bufaransa
jeudi 13 Ruheshi 2013
Umuririmvyi w’umurundi Big Fizzo yaramaze igihe kingana hafi n’umwaka yaragarutse hano mu gihugu c’u Burundi aho yaje ava mu Bufaransa aho yaba we n’umukenyezi wiwe, aza yari yavuze ko atazoteba gusubira inyuma bituma abantu benshi bibaza imvo zatumye igihe yavuze co gusubira inyuma kirenga cane niho rero ikinyamakuru ca Igihe twamubajije ibijanye no gusubira inyuma kwiwe aca arabidusobanurira.
Fizzo yagize ati: "Umusi nza narinje mpamagawe na Primusic ya hano iwacu i Burundi kandi nza mfise intumbero yo gukora album ndi ngaha iwacu. Uravye muri rusangi iyo niyo mvo ikomeye yatumye nteba gusubira inyuma."
Tumubajije igihe yaba ategekanya gusubira inyuma yatwishuye muri aya majambo agira ati: Ku mpera z’uku kwezi turimwo kwa Ruheshi, ndiko nitegura gusubira mu Bufaransa kuko ngomba kuja kuramutsa umutambukanyi wanje."
Yakomeje avuga ko azagaruka hano i Burundi vuba kuko n’ubundi yongeye guhamagarwa na Primusic ko agomba kuzokwitaba ibiteramo vyayo. Muri ico ikindi gihe azoba agarutse azoboneraho akaryo ko gushira album yiwe nshasha ku mugaragaro ari nayo yaramaze iminsi atunganya ikaba cane ari nayo yamutebeje gusubira inyuma vuba.
Yarangije agira amenyesha ko aho yoja hose akunda u Burundi n’abarundi bose ku buryo aho yoja hose atobwibagira kandi ko yumvva ategekanya ivyiza vyinshi imbere mu bijanye n’umuziki ati: "Abakunzi banje mbatuye akaririmbo kanje kazoba kari kuri iyi album kitwa “Nakulove”.

Joel Sengurebe
Messages
14 Ruhuhuma 2017, 14:14, par augustin
nibazakoyahowe ubusa
22 Mukakaro 2017, 20:23, par FIZZO JEWE NITWA PINO