IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Fariouz > inkuru > "Bye Bye Concert", igiteramo co gusezera Big Fizzo

"Bye Bye Concert", igiteramo co gusezera Big Fizzo

mardi 18 Ruheshi 2013

Big Fizzo ni umuririmvyi w’umurundi yahora aba mu gihugu c’Ubufaransa n’umukenyezi wiwe. Hari haheze igihe yaragarutse hano mu gihugu c’Uburundi, amavukiro yiwe, mukibuka ko amakuru ya nyuma duheruka kubaha ya Big Fizzo amenyesha ko hageze ko asubira mu Bufaransa.

Nk’uko yabivuze ko ariko yitegura gusubira mu bufaransa, vyatumye ategura igiteramo co gusezera abakunzi b’umuziki wiwe, ico giteramo kikaba yacise “ Bye Bye Concert”, kikaba kizoba kuri uyu w’Imana igenekerezo rya 23 Ruheshi 2013.

Abakunzi biwe bakomeje kuvuga ko kizoba ari ic’amosozi menshi kuko uyu muririmvyi n’umwe mubafise abafana benshi hano i Burundi. Benshi mu bakunzi biwe bakaba bari banse kwemera ko agiye gusubira mu bufaransa, kuva aho hasohokeye iryo zina "Bye bye Concert", baciye bemera ko iyo nkuru ariyo.

Twibutse ko uyu muririmvyi mu makuru atangaza avuga ko atazoteba kugaruka mu gihugu ciwe kuko yongeye guhamagarwa na Primusic kuzokwitaba ibiteramo vyayo kandi akaba ashaka kuzanira abakunzi biwe album nshasha yaramaze iminsi ategura.


Joel Sengurebe

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.