IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Fariouz > inkuru > Farious aratanga umuco ku ruririmbo "what’s my name"

Farious aratanga umuco ku ruririmbo "what’s my name"

lundi 10 Ntwarante 2014

Mugani Désiré azwi kw’izina rya Big Farious yaraye atahutse ava mu gisagara ca Dubai, aho yaramze iminsi itari mike. Agishika yarishuye kubibazo bimwe bimwe, harimwo no gutanga umuco ku ruririmbo rwiwe "what’s my name" rwafatiwe ibihano na zimwe mu nsamirizi.

Igihe c’isaha zine z’ijoro zirenga iminota mikeyi niho umuririmvyi Big Farious yururuka indege imukuye ku kibuga c’i Kanombe mu gihugu c’Urwanda, aho yari yahahagaze umwanya muto (escale).
Yashitse aryohewe cane ashima n’uko urugendo rwagenze neza. Mu bibazo yabajijwe n’abamenyeshamakuru bagiye kumutegera, harimwo gutanga umuco ku ruririmbo rwiwe "what’s my name". Big Farious yishuye ati :"Igihe nasohoye indirimbo *What’s my name* benshi barashoboye kuvuga y’uko natukanye. Nsubiriye kandi kubaza uwo yiyumva ko natukanye ashire ukuboko hejuru, canke aze tuje kuburana. Naririmvye igiswahiri kandi uwari afise ubwenge yari gutahura ico nashatse kuvuga. Jewe ndirimba imidiho itandukanye, umudiho wa hip hop ni umudiho wo kwishira hejuru, bagenzi mvuze y’uko natanguye kuririmba hakiri insamirizi Mmwizero na CCIB FM +, ubu rero haje izindi nsamirizi si ukuvuga ko boca bareka kuvuza indirimbo zanje bavuga ko hari ikosa naririmvye? Vyiza nibaza y’uko ako kagwi kavuga y’uko kafashe intumbero yo kutavuza indirimbo zanje bari kubanza kumbaza igituma naririmvye kurya. Jewe ndi umuntu nivugira make, ndakunda cane kwumviriza ico abandi bagona, mugabo vyari bingeze ahantu nca nshima gusohora ikiri ku mutima, ndasubiyemwo uwuzokenera insiguro, noneho nta nsiguro ikenewe, ururirimbo rwanje rurasobanutse neza."

Mu migambi afise, nk’uko tubikesha urubuga "afriframe", Farious agiye gukora ururirimbo ruzoja muri wa mugambi wa Ikoh Multiservice "You’ll love changes Vol.1" aho azoba ariko afashanya n’abaririmvyi nka Yoya, T-Max na Samantha bafitaniye amasezerano.


Cherif Nkeshimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.