Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Fariouz > inkuru > Fariouz aravye ibihe Uburundi burimwo aravuga aho azogarukira
Fariouz aravye ibihe Uburundi burimwo aravuga aho azogarukira
lundi 20 Ndamukiza 2015
Fariouz ararajwe ishinga n’umutekano muke ushobora kuba mu Burundi muri ibihe bikomeye vy’amatora, bimutuma atinya kugaruka mu gihugu ciwe. Fizzo asaba kandi Imana kurinda ubwicanyi buriko bubera muri Afrika y’Epfo.

Fariouz tumubajije aho azogarukira mu Burundi, yishura ko azoza inyuma y’amatora. Vyerekana ko ibihe Uburundi burimwo bimuteye ubwoba. Naho biruko, Fariouz arashobora kuza mu Burundi imbere y’amatora igihe ihiganwa rya Primusic ry’uno mwaka ryoba hanyuma bakamukenera. Fariouz asaba kandi Imana irinde incuti n’abagenzi bariko bahigwa buhongo muri Afrika y’Epfo. Yandika ati:"Eh Mola walinde ndugu na rafiki zetu misukosuko wanayo ipata huko South Africa".

Big Fizzo rero ariko yerekana umwitwarariko afise ku bijanye n’umutekano haba mu Burundi canke muri Afrika y’Epfo. Tubibutse ko uwo muririmvyi amaze iminsi itari mike mu bihugu vya Buraya aho yagiye kugirisha ibiteramo.
Fizzo ariririmba ati:" Niko sawa". Umviriza aha munsi ururirimbo
Cherif Nkeshimana
Messages
28 Ndamukiza 2015, 16:26, par Irankunda Eliezer
Ndaryohewe nuko fizzo aguma atwibuka iyari.ndi Eliezer Mukayanza à rukago
30 Ndamukiza 2015, 11:37, par goods
kweli tunawaza sana,chanzo kinaonekana lakini mwisho hii misukosuko haijulikana Mungu tunaomba ulinde viumbe vyako na "ujidhihire"amen
11 Ruheshi 2015, 17:18, par ndizeyejeanpaul
Saw a saw a weho uvuze neza ntubaye nka sat.b yaneye aharara sinziko azongera kuharara
20 Mukakaro 2015, 12:25, par Isidore
Big up sana fizzo, Iman ikwongere urukundo ukund igihugu cacu
10 Nzero 2016, 19:53, par indoro
fizzo
4 Ntwarante 2016, 22:52, par Ndayizeye Vital
Fizzo turamukunda cane,ahubwo nagume mu Burundi!
27 Ntwarante 2016, 20:39, par J.Michel Brown
Kweli Jinsi Mnavo Onekana Nisafi Tena Sana Endereani Nakazi Zenu.