IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Fariouz > inkuru > Fariouz yaronse umuririmvyi w’umurundi azomufasha igiteramo muri (...)

Fariouz yaronse umuririmvyi w’umurundi azomufasha igiteramo muri Hollande

jeudi 26 Ntwarante 2015

Muri rwarukurikirane rw’ibiteramo vya Fariouz canke Burundiano ku mugabane wa Buraya, yaronse umuririmvyi w’umurundi azomufasha kuryohera abakunzi nk’uko babimusavye.

Igiteramo ca Fariouz casabwe n’abakunzi biwe bo mu Buholande kandi kiri no muri yanzira yo kwiyunga bikwiye na Kiyoyo Juma. Fariouz yaronse umuririmvyi wo mu karere azomufasha kuryohera abakunzi biwe. Mu minsi mikeyi isigaye kugira igiteramo kibe, amakuru duhabwa na Kiyoyo Juma avuga ko Z Black, umuririmvyi bivugwa ko ari Umurundi ariko akaba yakuriye muri Tanzaniya, azoba ari kumwe na Fariouz.

Mu nzu y’ibiteramo iri i BINCKHORSTLAAN 36, 2516BE Den Haag muri Hollande, Fariouz na Z Black bazobica bicike, bari kumwe na DJ Alain Mabilo na Dj Saido bazovuza mu giteramo categuriwe Abarundi bose.

Iminsi isigaye kugira ico giteramo casabwe n’abakunzi ba Fariouz bari muri Hollande kibe iharurwa ku ntoke. Kw’igenekerezo rya 11 Ndamukiza 2015, hazoca uwambaye.

Fizzo ati : "Niko sawa" .


Cherif Nkeshimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.