Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Fariouz > inkuru > Fariouz yaronse umuririmvyi w’umurundi azomufasha igiteramo muri (...)
Fariouz yaronse umuririmvyi w’umurundi azomufasha igiteramo muri Hollande
jeudi 26 Ntwarante 2015
Muri rwarukurikirane rw’ibiteramo vya Fariouz canke Burundiano ku mugabane wa Buraya, yaronse umuririmvyi w’umurundi azomufasha kuryohera abakunzi nk’uko babimusavye.

Igiteramo ca Fariouz casabwe n’abakunzi biwe bo mu Buholande kandi kiri no muri yanzira yo kwiyunga bikwiye na Kiyoyo Juma. Fariouz yaronse umuririmvyi wo mu karere azomufasha kuryohera abakunzi biwe. Mu minsi mikeyi isigaye kugira igiteramo kibe, amakuru duhabwa na Kiyoyo Juma avuga ko Z Black, umuririmvyi bivugwa ko ari Umurundi ariko akaba yakuriye muri Tanzaniya, azoba ari kumwe na Fariouz.
Mu nzu y’ibiteramo iri i BINCKHORSTLAAN 36, 2516BE Den Haag muri Hollande, Fariouz na Z Black bazobica bicike, bari kumwe na DJ Alain Mabilo na Dj Saido bazovuza mu giteramo categuriwe Abarundi bose.
Iminsi isigaye kugira ico giteramo casabwe n’abakunzi ba Fariouz bari muri Hollande kibe iharurwa ku ntoke. Kw’igenekerezo rya 11 Ndamukiza 2015, hazoca uwambaye.

Fizzo ati : "Niko sawa" .
Cherif Nkeshimana
Messages
26 Ntwarante 2015, 19:25, par Alimasi alain junior
tuko nyuma yako mze !praaah
26 Ntwarante 2015, 20:01, par jacques
niteka kugihugu.
28 Ntwarante 2015, 00:02, par NDEREYIMANA EGIDE
Mbega ivyiza.fizzo bandanya utera imberf urashoboye,muzotubwire uko vyagenze,niteka kugihugu nabarundi bose
28 Ntwarante 2015, 20:30, par Arakaza Aloys Timomi
N’ukuri n’ukuri Fizzo turakwipfurije Amahoro,umutekano aho hantu muzogirira ico giteramo,bera Inyenyeri mumakungu umuziki W’iburundi!
29 Ntwarante 2015, 17:57, par jak
Welcome in Holland.we wish you a very nice stay and much succes.
29 Ntwarante 2015, 22:18, par Itangishaka edouard
komera kubu general terujimber