IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Fariouz > inkuru > Fariouz yarungitse igisabisho asabira abariko bapfa bazira "democratie"

Fariouz yarungitse igisabisho asabira abariko bapfa bazira "democratie"

mardi 28 Ndamukiza 2015

Fariouz yarungitse igisabisho asabira Uburundi, abivuga afatiye ku bihe bikomeye aho Abarundi sinzi bari mw’ibarabara biyamiriza ikiringo ca gatatu ca Petero Nkurunziza.

Nk’abandi bose bakunda igihugu bafise umubabaro, uwo muririmvyi yanditse ati:" Mana yanje garukira igihugu cacu kandi wakire mu bwami bwawe abariko barapfa bazira Democratie".

Tubibutse ko bivugwa ko hamaze gupfa abantu bari hagati ya batanu na ndwi, abo rero ni bo Fariouz asabira kwakirwa mu bwami bw’Imana, ni bo kandi avuga ko bapfuye bazira democratie. Fariouz rero ari mu k’umugabane wa Buraya aho yagiye ajanywe no kuremesha ibiteramo. Mwibuke ko yavuze ko azogaruka mu Burundi amatora aheze.


Cherif Nkeshimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.