IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Fariouz > inkuru > Fizzo ariyamiriza abantu bamutyoza

Fizzo ariyamiriza abantu bamutyoza

jeudi 29 Nzero 2015

Fariouz ariko yiyamiriza abantu bariko baramucafuza ko yoba arwaye kubera ibiyayura mutwe yoba anywa. Abo bandika ivyo boba bafitaniye isano n’abahora batyoza Sat b.

Hari umuntu canke abantu banditse ku murongo wa Buja Starmusic ati:"amagara y’umuririmvyi Fizzo yoba atifashe neza kubera ibiyayura mutwe."

Fizzo amaze kubona ivyo bamwanditseko ntiyatevye kwishura ati:" Hahah… ntakizokworoha !!! Biboneka ko uno muntu yanditse ibi bintu afise inzigo yakazikira, ari umwicanyi, injavyi yipfuriza umuntu inabi!!! En tout cas biboneka ko hamwe yogira amahirwe n’ishano yorimpa!!!! Ewe Mana rurema, girira ikigongwe bano bantu ubahe n’umuco muvyo bakora…..!!!! Hahah, umugani wa Mucowintore Boris-Evrard ngo "Ntaco_Nzoba".

Iyo nyishu ya Fariouz ibonekamwo agashavu, ariko biboneka ko yoba yishuye umuntu azi kuko mu nyishu yiwe harimwo aho avuga ati:" En tout cas biboneka ko hamwe yogira amahirwe n’ishano yorimpa!!!!.

Mu gihe hari abantu bari bamaze iminsi bariko batyoza Sat B, hamwe ngo kuva avuye muri Kenya asigaye yigira igihangange mu muziki w’Uburundi, ahandi ko arimaramaza akagendera kw’ikinga n’ibindi kandi ari umu star, ubu naho badutse Fizzo. Biboneka ko abo banditse kuri Fizzo boba bariko bishura abanditse kuri Sat B muri iyo minsi iheze kuko munsi y’ubutumwa butyoza Fariouz uku:"Nk’umukuzi wa Sat B muri concert turindiranye..."

Ikindi n’uko abo bitwa Buja Starmusic bavuga cane ibijanye na Sat b mu gihe hari abandi bitwa Kumwanya bavuga cane ivyiza vya Fariouz, inkuru tuzobandanya dutohoza.

Fariouz ati:"Niko sawa", umviriza aha munsi


Cherif Nkeshimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.