Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Fariouz > inkuru > Fizzo ariyamiriza abantu bamutyoza
Fizzo ariyamiriza abantu bamutyoza
jeudi 29 Nzero 2015
Fariouz ariko yiyamiriza abantu bariko baramucafuza ko yoba arwaye kubera ibiyayura mutwe yoba anywa. Abo bandika ivyo boba bafitaniye isano n’abahora batyoza Sat b.

Hari umuntu canke abantu banditse ku murongo wa Buja Starmusic ati:"amagara y’umuririmvyi Fizzo yoba atifashe neza kubera ibiyayura mutwe."
Fizzo amaze kubona ivyo bamwanditseko ntiyatevye kwishura ati:" Hahah… ntakizokworoha !!! Biboneka ko uno muntu yanditse ibi bintu afise inzigo yakazikira, ari umwicanyi, injavyi yipfuriza umuntu inabi!!! En tout cas biboneka ko hamwe yogira amahirwe n’ishano yorimpa!!!! Ewe Mana rurema, girira ikigongwe bano bantu ubahe n’umuco muvyo bakora…..!!!! Hahah, umugani wa Mucowintore Boris-Evrard ngo "Ntaco_Nzoba".
Iyo nyishu ya Fariouz ibonekamwo agashavu, ariko biboneka ko yoba yishuye umuntu azi kuko mu nyishu yiwe harimwo aho avuga ati:" En tout cas biboneka ko hamwe yogira amahirwe n’ishano yorimpa!!!!.
Mu gihe hari abantu bari bamaze iminsi bariko batyoza Sat B, hamwe ngo kuva avuye muri Kenya asigaye yigira igihangange mu muziki w’Uburundi, ahandi ko arimaramaza akagendera kw’ikinga n’ibindi kandi ari umu star, ubu naho badutse Fizzo. Biboneka ko abo banditse kuri Fizzo boba bariko bishura abanditse kuri Sat B muri iyo minsi iheze kuko munsi y’ubutumwa butyoza Fariouz uku:"Nk’umukuzi wa Sat B muri concert turindiranye..."

Ikindi n’uko abo bitwa Buja Starmusic bavuga cane ibijanye na Sat b mu gihe hari abandi bitwa Kumwanya bavuga cane ivyiza vya Fariouz, inkuru tuzobandanya dutohoza.
Fariouz ati:"Niko sawa", umviriza aha munsi
Cherif Nkeshimana
Messages
29 Nzero 2015, 11:53, par Ntakirutimana Fabrice Efra
Abo Bantu Mbona Bakwiy Guharirana? Agasotoro Ntanyungu Yako.Nibagezeho.
26 Ruhuhuma 2015, 22:59, par Joachim NIYOYITUNGIRA
uko sawa bro kuki bakwinjirira mwi life yawe?kndi nawe ntibisimbishe umuti ahubwo courage ubireke ico uri,ico umaze mumuziki wa burundi.yoya niwe yavuze neza ati umuntu ntakenera abamukunda gusa arakenera nabamwanka!big up fizzo
12 Ndamukiza 2015, 11:21, par erike
jewekumbwanje nunvabomuvako fizzo
2 Rusama 2015, 00:09, par niyitunga aboubakar
fizzo nibakureke wirambire
10 Nzero 2016, 08:26, par emery
nibagabany amagambo bamugombakwiki? cank bamuhorakuko ashoboy fizzo nukuri.azoguma ari uwamber!
30 Mukakaro 2016, 11:29, par Nay Ira
Ubuzima Nubwimana
3 Munyonyo 2016, 13:25, par Irakoze
Nibakureke Mutama Turi Inyuma Yawe
3 Munyonyo 2016, 13:26, par Irakoze
Nibakureke Mutama Turi Inyuma Yawe
21 Ruheshi 2017, 22:52
ndarasa