IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Fariouz > inkuru > Ibibazo vyari vyugarije uwutegura ibiteramo vya Fizzo vyaronse (...)

Ibibazo vyari vyugarije uwutegura ibiteramo vya Fizzo vyaronse inyishu

mardi 16 Nyakanga 2014

Ibibazo vyari vyugarije Kiyoyo Juma ategura ibiteramo vya Fariouz vyatorewe inyishu. Ibiteramo bitegekenanijwe muri Afrika y’Epfo vyahawe amagenekerezo ntabanduka.

Inyuma y’aho ibiteramo vya Fariouz vyasa n’ibihagaritswe kubera yari yabuze urupapuro rw’inzira "Visa" ku munota wa nyuma, ikibazo cari gihagaritse umutima Kiyoyo Juma, catorewe inyishu. Kiyoyo Juma, ari nawe amutegurira ivyo biteramo, atumenyesha ko Fariouz ikibazo yari afise cavuye mu nzira kuko "Visa" yaraye ayironse. Azoshika muri Afrika y’Epfo aho bukera kw’igenekerezo rya 17 Nyakanga igihe c’isaha zine z’ijoro.

Igiteramo ca mbere kizoba kw’igenekerezo rya 18 Nyakanga mu gisagara ca Durban, ikindi kizoba ari kw’igenekerezo rya 21 uko kwezi nyene i Johannesburg. Ariko ico tutabona n’igiteramo cari gitegekanijwe kubera i Cape Town. Ntituramenya ko casibijwe canke kizoba. Turiko turondera Kiyoyo Juma aduhe umuco.

Umviriza ururirimbo rushasha "kiwelewele" rwa Fizzo


Cherif Nkeshimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.