Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Fariouz > inkuru > Ibiteramo vya Fariouz muri Afrika y’Epfo vyongerejwe
Ibiteramo vya Fariouz muri Afrika y’Epfo vyongerejwe
vendredi 12 Nyakanga 2014
Mu masaha make cane Fariouz arafata indege imushikana muri Afrika y’Epfo gukora igikorwa yemereye abakunzi biwe bari muri ico gihugu. Inyishu ku bakunzi biwe basaba ko yogira ibiteramo vyinshi yaratanzwe.

Fariouz agiye kumara iminsi ari mu gihugu ca Afrika y’Epfo aho agiye kugirira ibiteramo bitatu (3) mu bibanza bitandukanye. Afata indege igihe c’isaha cumi n’iminota mirongo ine n’itanu (16h 45), isaha zine z’ijoro (22h) azoba ashitse ku murwa mukuru Johannesburg. Mu gitondo azozinduka aja i Cape Town ahazobera igiteramo ca mbere. Aho ni kw’igenekerezo rya 13 Nyakanga.
Amakuru duhabwa na Kiyoyo Juma asanzwe ategura ibiteramo vya Fariouz, atubwira ko yahinduye ikirangaminsi c’ibiteramo vya Fizzo muri ico gihugu. Mu ntango vyari bitegekanijwe ko agira igteramo kimwe. Kiyoyo Juma ati:" Nk’uko twabisabwe n’abakunzi ba Fizzo bari muri ico guhugu, twarongereje ibiteramo kugira tugerageze kubanezereza kuko arakunzwe cane muri ico gihugu".
Ku giteramo c’i Cape Town, hinyongereko ikindi c’i Durban kizoba kw’igenekerezo rya 18 Nyakanga 2014, icanyuma kizobera i Johannesburg kw’igenekerezo rya 21 uko kwezi nyene.
Kiyoyo Juma atubwirako ashima inyifato ya Fariouz iyo ari mu biteramo kuko adacerwa kandi yifata nk’uwuzi akazi. Inyuma y’ibiteramo Fariouz azoca agaruka i Burundi. Ashobora kuzoba ari kumwe na Sat B mu giteramo co kuri "Musee Vivant".
Cherif Nkeshimana
Messages
12 Nyakanga 2014, 12:54, par Alphani
Hahhahaaaa Batwibagiye abo kumurwa mukuru Pretoria natwe turamukunda tumusabe azohicishe atwereke gato natwe vyoba vyiza gusumba