Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Indirimbo zose za Farious zahagaritswe kuvuzwa no kwerekanwa - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Fariouz > inkuru > Indirimbo zose za Farious zahagaritswe kuvuzwa no kwerekanwa

Indirimbo zose za Farious zahagaritswe kuvuzwa no kwerekanwa

mercredi 19 Ruhuhuma 2014

Insamirizi n’ibinyamakuru vyavuzwe mu ruririmbo «What’s my name» rw’umuririmvyi Big Farious vyafata ingingo ko ata ndirimbo n’imwe y’uwo muririmvyi izosubira kuvuzwa, kandi ntizizosubira gutangaza igiteramo cose azoba ariko arategura.

Mu gihe hamaze hagugwa amajambo y’ibitutsi no kwifatira mu gahanga zimwe mu nsamarizi n’abamenyeshamakuru, abo bose bavuzwe mu ruririmbo «What’s my name» ya Big Farious bafatiye ibihano uwo muririmvyi. Abamenyeshamakuru bakora cane cane amakuru y’umuziki ku nsamirizi za Bonesha Fm, Radio Publique Africaine «RPA», Renaissance, Radio Fréquence Media «RFm», Rema Fm, Radio Culture bahuriye mu kiganiro gica kuri Rema FM citwa «Nezerwa na Sms Radio», kiremeshwa n’umumenyeshamakuru Eddy Kamoso. Bahavuye bafashe ingingo ruhasha yo kutazosubira kuvuza ururirimbo na rumwe rwa Farious canke batangaze ibikorwa vyiwe, haba ibiteramo canke ikindi kintu cose c’uwo muririmvyi.

Iyo ngingo ishobora guhinduka mu gihe uwo muririmvyi yosaba ikigongwe izo nsamiririzi, n’abamenyeshamakuru bazo, naho nyene biciye mu ndirimbo nk’uko yabigize mu kubifatira mu gahanga. Abo bamenyeshamakuru bati :"zirisha Mukike zirariye Mpanda", ivyo babivuga mu gukebura izindi nsamirizi zoba zitavuzwe muri urwo rurimbo.

Abo bamenyeshamakuru babona ko umuririmvyi Farious adakwiye kurondera kuja hejuru y’umumenyeshamakuru, kuko ariwe ashira hejuru umuririmvyi. Abaririmvyi bakwiye kwubaha abo babafasha mu gushira ahabona ibikorwa vyabo.
Amajambo yo muri urwo ruririmbo «What’s my name» yateye ishavu abamenyeshamakuru b’umuziki ni aya akwirikira : Mather fucker why my name, mbele wamoja muwatangazaji walikuwa ma fans wangu,sasa leo wameanza kuponda kazi zangu, MBELE YA KUNISOGELEYA NENDA MUKAPIGE MUSWAKI, MUNANUKA VIKWAPA. Nilijulikana ju ya Radio mizero,na Ccib fm, siyo rema fm, siyo isanganiro, siyo Bonesha, siyo Rfm wala salama. MUSEME MUSISEME HAMUTAKAZA MVUA KUNYESHA.
Mu kirundi yavuze ko ubwa mbere bamwe mu bamenyeshamakuru bari abakunzi biwe, ariko ubu bakaba batanguye kuvuga nabi ibikorwa vyiwe. Ati : "Imbere y’ukunyegera banze mugende mwinyugumure, kandi muranuka. Namenyekanye kubera insamirizi mwizero na CCIB FM+. Izo zindi Rema fm, Isanganiro, Bonesha, RFM canke Salama sizo zatumye menyekana."

Ntitwashoboye kuronka uwo muririmvyi Big Farious kugira yisigure kuri ivyo yagirizwa ko yatutse insamirizi, yongera yifatira mu gahanga abamenyeshamakuru b’umuziki mu Burundi. Izo ngingo yazifatiwe mu gihe bivugwa ari mu rugendo mu gisagara Dubai kiri mu gihugu ca Emirats Arabe Unis.


Chérif Nkeshimana

Messages

  • indero irakenew mumuziki .uyo numurundi wumu nyamakamba ntiyigire umunyamahanga..Amenyeko umumenyesha makuru yubahwa kwisi yose..haaaa hariho igiti kiturirwa..angonje tu.nabandi baribafise ako gatima bumvireho

  • Jewe narinarabivuzeko ahamu Burundi hariho abategura indirimbo zokwifatiramugahanga bamwe nabandi icogihentanumwe murabo bashavuzwe nuwomuririmvyi yigeze anyunganira ngwanshigikire mberekubwanje novugako mwarimukwiye guhora kuko abagize izegoza reta barabahondahondesheje izondirimbo bimwebidasanzwe mwebwerero bamenyesha makuru mwarinumiye kandivya kuma radio mukorerako mwibaza ngonamwe ntibizobashikira? umuvyeyi umwe niweyumvise umwanawiwe arikwaratuka uyundimuntu wumuvyeyi maze wamuvyeyi wawamwana acabwira wamwana ngomunkomeshereze, ntivyatinze wamuvyeyi yagiriraniye akabazo numwana maze ahimpanuro wamwana wiwe nukowamwana bimwebibi yabwira wawundinavuze ahoharuguru umuvyeyiwiwe akamushigikira muruwomwanya nivyoyabwiye uwomuvyeyiwiwe nawe. Nicogituma twese abarundi mugihumu runaka yifatiye mugahanga umunturunaka twaridukwiye kumubwirira kimwe ko arikwaragiranabi, kuko murabona uyumusi umuntabwiye ibintubiteyisoni uwomutavugarumwe hakumukebura umubwirango munkomeshereze ngombere ndajendagusororere ngokuvumubwiye birya wewe wacuyuba incutiyanje maze uwomuntu aramutse arose icoyirira bivanyenuko yashizisoni Satani muriwe acashingamwo bureau vyokuzokwama atawoyibanga.

  • Nurumogi rwinshi atumura,yararenze akarimbi,

  • N’abandi nkabo boza bavuga ibitaroranye nibaronderwe kk indero irakenewe mukazi akariko kose.

  • ubgo nu bufaranga baronka bataribgigere baronka bubahenda bakaca bavamiya amateka yabandi. arabona umu menyesha makuru yobeshwaho nivyo bitutsi vyiwe yita ngo nindirimbo naw ntaho bizomugeza. nasabe ikigongwe muyindi ndirimbo kand aheze ayi ryohore kuruta nimba vyakweri ivyo yiyita arivyo ari umuhinga.hama bamugirire imbabazi

  • Jewe nibazako kamuciyemwo nayubundiho umumenyesha makuru numuntu wokubahwa kuko nibo batuma umuziki umenyekana.aho yarahihendeye cane.

  • Je sindabatahura.nimurabe biographie yiwe hama mubone ko ariko yiyumvira......umukura ivunja bukeye akaguhonyora.

  • jew ukombona naho wotunga gute atandero ufise ntanyungu uwo s,umurundi ahubwo icombona nabasabimbabazi bizomuhagateka.ntandero arikatanganamba afise urugo canke kubandi bamwumviriza.

  • basha umuririnvyi adafise indero akwiye guhanwa nkayo samajambo yari kuririmba nibamenyeko umumenyesha makuru arumuntu akomey nahatobu mumenyeshamakuru ntakwiy gutukirwa mumiziki ahubwo nahanwe

  • ikintu cose kifis impavu nibaza ivyo yagiz namakosa igikuru ahubwo nukumenya iyo yabizanany ntiyokwiyadukiza sumusazi

  • Muraraba ko mutoba mwara murengeye kuko muri urwo ruririmbo yarashizemwo impamvu. we yakoresheje amajambo nkayo mwakoresheje mukumuvuga nabi ariko mwe mwaciye mufata ingingo mutarinze kuraba ko koko hoba hari muri mwe aboba bamuvuga nabi. bayamaze nti akaruta akandi karakamira. Ingwe igutwara igitungwa ikagutanga kuraka.

  • ndo ivo akuna gis bitaendeka kama murimuonea aca awatukane nabingine biko nyuma turia

  • nazindi tworonk?ndakeney rorir ni nsatub

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.