IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Fariouz > inkuru > Umunsi wo gukundana hagati ya Fariouz na Kiyoyo Juma

Umunsi wo gukundana hagati ya Fariouz na Kiyoyo Juma

samedi 17 Nzero 2015

Inyuma yo guterana amajambo mabi hagati ya Kiyoyo Juma na Fariouz bapfa amahera, abo bagabo babiri bagiye gusubiza hamwe vuba mu giteramo kizoba ku munsi mukuru w’abakundana.

Intango yo guterana amajambo mabi hagati ya Fariouz n’uwahora amufasha gutegura ibiteramo vyo hanze Kiyoyo Juma yavuye ku biteramo uwo wa nyuma yari yateguriye Fariouz muri Afrika y’Epfo Fariouz akabisiba. Abisivye Kiyoyo Juma yarashavuye cane kubera amahera yavuga yakoresheje yiteze ko azoyagaruza mu biteramo vya Fariouz. Fariouz nawe yisigura avuga ko yagize ingorane za Visa. Vyashitse aho Kiyoyo Juma avuga ko azokwitwarira Fariouz canke amufatire aho bazohurira hose kubera amahera yavuga ko yamusesaguje. Fariouz rero amaze iminsi ari mu gihugu c’Ubufaransa.

Abarundi bati:" Ababipfa n’ababisangiye", Kiyoyo Juma ahejeje gutangaza igiteramo yise co gusubiza hamwe na Fariouz. Yanditse ati:"Valentines day (Umunsi mukuru w’abakundana)n’umunsi jewe na Fariouz tuzokwuvikana, muzoze kwirabira muri benshi ico giteramo".

Turashimye intambwe abo bagabo babiri bagize yo gusubiza hamwe no kwemera gusubira gukorana, tubasaba kandi ko bozibira aho hose hashobora kuva indyane hagati yabo kuko izo ndyane ziraca intege kandi zikagabanya umwanya w’ibikorwa.

Igiteramo ni kw’igenekerezo ry’umunsi mukuru w’abakundana "Saint-Valentin (14 Ruhuhuma 2015) i Anvers mu Bubirigi. Soma ibikurikira aha munsi ku rupapuro ntangaza giteramo.


Cherif Nkeshimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.