IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Fariouz > inkuru > Impuzu za gisirikare zambarwa na Big Fizzo na Lolilo benshi ntibavyumva (...)

Impuzu za gisirikare zambarwa na Big Fizzo na Lolilo benshi ntibavyumva kumwe

mardi 17 Nyakanga 2013

Bimaze kuboneka ko umuririmvyi Big Fizzo na mugenzi wiwe Lolilo bafise impuzu z‘igisirikare bitabana ibiteramo. Abatari bake ntibabivugako co kimwe kumvo z’uko bitari bimenyerewe kubona umuririmvyi yambara impuzu y’intwazangabo z’igihugu mbere ifise n’amapete .

Mu giteramo ca nyuma c’ihiganwa rya Primusic, umuririmvyi Big Fizzo yaje yambaye impuzu z’igisoda bica bituma abakunzi biwe bavuga bati : "Noneho agiye yaba General nk’uko avyiyita!"

Nayo abandi bati : "Ntivyumvikana kubona umuririmvyi yambara impuzu z’intwazangabo z’igihugu, ego twese turavyemera ko uwo muririmvyi akomeye kandi afise ico amariye igihugu c’Uburundi muvy’ukuririmba, ariko kwambara gurtyo aho ntivyotuma ababibonye bashobora kubifata nko kudaha agaciro umwambaro w’intwazangabo z’igihugu?"

Lolilo nawe izo mpuzu z’igisirikare azifise we n’umukunzi wiwe. Muri ico giteramo cabaye ku munsi wa gatandatu, yaje yambaye inkofero yazo.

Naho bamwe bavuga ko ataco bitwaye kubona abo baririmvyi bokwambara gutyo, abandi bakavuga ko ari ugutesha agaciro inzego za gisirikare n’igipolisi, ikinyamakuru canyu IGIHE ciyemeje kuzobaronderera abo baririmvyi uko ari babiri, tubabaze ikibatuma bambara iyo myambaro badafitiye uburenganzira. Twiyemeje kandi kuzobaronderera abajejwe izo nzego mu ntumbero yo kumenya ico babivugako.


Joel Sengurebe

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.