IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Lolilo > inkuru > Lolilo yatanguye gukina amasinema

Lolilo yatanguye gukina amasinema

samedi 23 Ruhuhuma 2013

Nzeyimana nassor uzwi kw’izina rya Lolilo ni umuririmvyi w’umurundi amaze kumenyekana mu makungu nk’umuruirimvyi rurangiranwa mbere wabigize umwuga, uwo akaba ari umusore w’imyaka 29, ubu akaba ngo afise ibibondo bitatu.

Kubijanye n’umuziki wiwe avugako yatanguye kuririmba akiri mutoyi ariko ngo akaba yaramenyekanye mu mwaka wa 2003 n’indirimbo yiwe ya mbere yitwa SINZOGUHEMUKIRA.

Akaba ngo icatumye aba umuririmvyi abivana ku muryango wiwe, ngo kuko se wiwe yari umudijeyi,nyina ari umuririmvyi akomeye mw’ishengero, inasenge na sekuru bari abaririmvyi bakomeye mu murwi witwaga Jasmin.

JPEG - 6.1 ko

Ngo kuriwe rero abona aho kumuryango ariho akura ingabirano yo kuririmba kuko burya ngo atakabura imvo.

Lolilo ngo ubu aramaze kugira indirimbo zisaga majana atanu ziri mu midiho itandukanye, nko mu Kirundi nk’ururimi rwa kavukire, mu giswayire kuko akundwa cane mubihugu vya afurika y’ubuseruko na handi bumva urwo rurimi, mugifaransa n’icingereza kuko ubu afatwa nk’umuririmvyiu mpuzamakungu.

Muri izo ndirimbo afisemwo ama Album ane, izindi nizo yafatikanije n’abantu ndetse nizo yaririmvye imwe imwe.

Umwihariko Lolilo ubu afise si umuririmvyi gusa ahubwo ubu noneho ni n’umwanditsi wamasinema kuko ubu arafise filme yiwe yamaze gusohoka yitwa EAGLE, akaba ari gutegura nindi izaba yitwa MY STORY.

Avugako mu minsi ya vuba abakunzi biwe ko azoba yabagejejeho album yiwe y’indirimbo nshasha kuko ubu ari ko arayitegura.

Mbere amaenyesha ko akunda igihugu ciwe c’u Burundi kandi ko arahari atazosubira mumakungu vuba nkuko abantu benshi usanga bavyibaza ko adakunze kuba mu Burundi.

Ngo kandi ntazigera ahagarika umuziki n’amasinema kuko ngo ubu noneho asigaye avyihinyanyurira muri studio yiwe yitwa home studio.


Joel Sengurebe

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.