Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Lolilo > inkuru > Umuririmvyi Lolilo yaraye afunzwe mu gasho ka komine Nyakabiga
Umuririmvyi Lolilo yaraye afunzwe mu gasho ka komine Nyakabiga
mardi 12 Ntwarante 2013
Nzeyimana Nassor azwi kw’izina rya Lolilo uwo ni umuririmvyi amaze kumenyekana nk’umuririmvyi rurangiranwa haba mu Burundi mbere no mu mahanga, uwo rero ubu yaraye mw’ibohero, kw’iikomine ya Nyakabiga aho yagirizwa ko yononye ibikoresho vyo munzu y’umukobwa bahora bakundana.
Ku musi wambere igenekerezo rya 11 ntwarante 2013, niho umuririmvyi Lolilo yafashwe ajanwa mw’ibohero kw’ikomine ya Nyakabiga ngo imvo zatumye afungwa ni umwigeme witwa Claudine benshi bazi kw’izina rya Coco uwo rero bakaba barahoze bakundana bageraho barahebana ariko ngo bahebana Claudine afise imbanyi ya Lolilo.
Lolilo amenye ko Claudine afise imbanyi yiwe yaravyemeye hama munyuma agiye kumuramutsa nk’umuntu amutwariye ikibondo aca asanga uwundi mugabo yahashinze icumu.
Lolilo niko gushavura aca aridodomba cane amenagura ibikoresho vyo munzu kwa Coco harimwo imboneshakure n’ibindi.
Coco niko guca amwitwarira kubera kumumenagurira ibintu vyiwe nubwo Lolilo avugako ariwe yari yabimuguriye ko ntampamvu yo kubimurihisha.
Gusa amakuru avugwa nuko kugeza ubu Lolilo ngo yemeye kwishura ivyo bikoresho aha rero ivyo birashobora kumwongerera amahirwe yo kudateba mugasho kuko ntakindi caha yagirizwa atari ico.
Ubwo amakuru turaja turayamenya uko bimeze hama natwe tubamenyeshe ibigezweho nkuko tuba tubabereye aho mutari.
Joel Sengurebe
Messages
12 Ntwarante 2013, 08:56, par Alain
Kubwanje lolilo yakoze amakosa nukuri nahanwe.nta numwe ari hejuru ya mategeko.ndashima ukungene ubutungane bwo mu burundi busigaye buhana nabategetsi bataravye igihagararo bafise canke imigambwe barimwo.ico nikibe icigwa kubaba mu burundi bose.mukunyandikira ariko mukoreshe e mail ya facebook.
12 Ntwarante 2013, 09:20, par Nzobivuga
Lolilo amez nkumwan mumutw kabisa, none Coco avugishj uwund mugabo ikosa ririh? harakant iyo amusang mu chambre.arapfuha vya hatari knd az ko afis expérience en la matière,kuberiki aza kumuterera inda iwabo? namutware cnk yemer asangir naband.Hanyuma abe araganira na Giswaswa ntakundi.
12 Ntwarante 2013, 09:31, par tapir engage
Lolilo ntiyonanirwa kuriha ivyo
mugaba big up lolo apo ni mafunzoni uzovayo
12 Ntwarante 2013, 09:43, par Saidi
None se ko bari barahebanye kuki amukurikirana? Yari gutegereza umwana kuko nico kishobora kwongera kubahuza,not kumwononera.
12 Ntwarante 2013, 09:59, par saidi
ko bahebanye se amushakaho iki?
12 Ntwarante 2013, 10:11, par cyriaque wiringiyimana
Lolilo birababaje kuba apfunzwe azira ukutiyumvir kwiw, ko yarasanze hateramiy uwundi mugabo yari gutohoz neza ko atoba uwo mugabo aruwo mumacut, yumukobwa. ico nohanura na bandi baririmvyi bomuburundi niki: vraiment bategrezwa ku menyako umuririmvyi arumunt, ako meye kuruta bamwebamw. ikindi aririmvyi bubu ntibitwara neza nkabo hambere! aho nshatse kuvuga nka (matata, ngabo leonse, naband. vraiment nabant bagragez guhanura n’ukwigisha.) nibahindure ivyabaye kur lolilo bibere akalorero aband, nukuvuga twese hamwe . MUGUKORA TWIYUMVIRE IGIKWIY. hanyuma nimunsobanurire uyumuhora aho nzohora ndawutorko (SITE)
12 Ntwarante 2013, 11:12, par Nina
None lolilo afite abagore bangahe?uwo babana hanze wewe vyagenze gute baramaze gutandukana?im confuse:>
12 Ntwarante 2013, 11:39
wapi man jewe ahubwo ndamwemey kabisa kubona yarerekany ko yamukunda erega iyo agihora yarikuba yigiz muto mumaso yuyo mutip
12 Ntwarante 2013, 13:45, par Mahoro
Twimenyereze gukemura ingorane zose atangwano ibaye canke atamaraso asesetse. Niyo nyishu nziza. Lolilo ntiyategerezw kuduza agashavu gushika aho amena ibintu ariko ubwo vyashitse akabimena nabirihe bamurekura asubire mukazi kiwe ka minsi yose. Kandi areke gufuhir cane uwo mukobw kandi baravany. Natwe ibinu bihakwa gusa nivyo vyaratubayeho kand twarihanganye
12 Ntwarante 2013, 13:47, par moises
vrement birababaje ariko amakosa yiwe arumvikana nahimbe indirimbo nyinshi azadsohokanamo kuko urwishigishiye ararusoma
13 Ntwarante 2013, 11:09, par erica
Mana Mana we!!!!!!!!!!!!!!Mbaga aba stars!!!Ndumiwe!Ariko Lolilo vraiment,ukuntu uri chic,fata umuntu umwe mugire indowa serieux.Urazi kurya agasho umuntu nkawe!Oh la la!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!
18 Ntwarante 2013, 09:45, par dumbuli
Ku bwanje lolilo yagombye kugirana imishyikirano na Coco cangwa agaca amuheba ubundi azahora ajya mu kasho
27 Ntwarante 2013, 01:31, par michlekamikazi
aaaaaaaaaaaa man nahora ndakwanka mugabo vraiment sorry ivya gushikiye birababaje
28 Ntwarante 2013, 17:11, par clo2t
iyo ugumamo bcz u’re so alogant
30 Nzero 2014, 20:09
oya kweri aba kobwa ni cameléon lasta ubu na lolilo ntarabibona?me intarabona isera ihaha hahahaaaaaaaaa
9 Ntwarante 2014, 22:06, par JUSTIN KWIZERA
ljew bon k lolilo yomurih akivir mwijera hanyuma uwomukabwa akamurek bagasigar bahurira kurhinja kuk baramaze guhban rer umut mbana nomutore lolilo narek umust yishakanir nabandi kuk na lolo arafise uwundi bakundana lolo reka nkubwir nti pore san man
29 Rusama 2015, 20:01, par Elissa
Nonetwomenya yononyiki?
30 Gitugutu 2015, 21:02, par Nkunzimana Claver
ishavu ritwara nabi ntiwarukwiye kubimena kuko niwe yihombeje nayo ivyo kumuvana suwambere bishikiye
30 Gitugutu 2015, 21:03, par Nkunzimana Claver
ishavu ritwara nabi ntiwarukwiye kubimena kuko niwe yihombeje nayo ivyo kumuvana suwambere bishikiye
15 Ruhuhuma 2016, 09:46, par Nestor
kabisa birababaje nibisanga niyihangane birashika
4 Ndamukiza 2016, 20:34, par Nshimirimana Désiè
Jewe Ico Noguterer Sha Nukuri Ivyo Vyama Vyabaye Kubantu Babakobwa Ntiwar Guca Ubimenagura Vrema Wari Kwihangana
28 Ndamukiza 2016, 20:40, par NZOYISABA EMMANWEL
YAGIZE AMAKOSA NTIYARI KONONA IBIKORESHO YARIKWI TURA UBUTUNGANE
14 Rusama 2016, 20:11, par BARUTWANAYO
MBANJE KUBARAMUTSA LOLILO NAWE ARAKAZA ISHAVU ICONICO CARIGUTUMA AKORA IVYOVYOSE NOMUHANURA KUGABANYA ISHAVU MUGABO KOYEMEYE KUBIRIHA BAKWIYE KUMUREKURA NAKOMEZE KWIHANGANA .
17 Rusama 2016, 19:02, par SABITI
ICOMBONA NUKOYOBIRIHA
VYIHUSE KUKO KUKOYAGIZE
IBITAGIGWA NABANTU BAKOMEYE
MUMUTWE.
KANDI VYONGEYE AGAHANWA
BIKWIJE AMATEGEKO.
12 Mukakaro 2016, 22:06, par Stiven
Yakoze Ico Yokoze None Koyariyamwemeye Bamuhigakwiki?Ntiyaruwiwe Buryarero Bakunyaze Utwawe Niworeka Gukankama Kuvyawe.
14 Nzero 2017, 23:04, par Nindagiye
Lolilo Niyihangane Yagiz Ishavu Rirenze
23 Ntwarante 2017, 18:13, par Ndabituyimana Méthode
Video Ya Lolilo
19 Ndamukiza 2018, 12:49, par Ntakirutimana
Nimumubabarire Ryarishavu