IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Lolilo > inkuru > Umuririmvyi Lolilo yaraye afunzwe mu gasho ka komine Nyakabiga

Umuririmvyi Lolilo yaraye afunzwe mu gasho ka komine Nyakabiga

mardi 12 Ntwarante 2013

Nzeyimana Nassor azwi kw’izina rya Lolilo uwo ni umuririmvyi amaze kumenyekana nk’umuririmvyi rurangiranwa haba mu Burundi mbere no mu mahanga, uwo rero ubu yaraye mw’ibohero, kw’iikomine ya Nyakabiga aho yagirizwa ko yononye ibikoresho vyo munzu y’umukobwa bahora bakundana.

Ku musi wambere igenekerezo rya 11 ntwarante 2013, niho umuririmvyi Lolilo yafashwe ajanwa mw’ibohero kw’ikomine ya Nyakabiga ngo imvo zatumye afungwa ni umwigeme witwa Claudine benshi bazi kw’izina rya Coco uwo rero bakaba barahoze bakundana bageraho barahebana ariko ngo bahebana Claudine afise imbanyi ya Lolilo.
Lolilo amenye ko Claudine afise imbanyi yiwe yaravyemeye hama munyuma agiye kumuramutsa nk’umuntu amutwariye ikibondo aca asanga uwundi mugabo yahashinze icumu.

Lolilo niko gushavura aca aridodomba cane amenagura ibikoresho vyo munzu kwa Coco harimwo imboneshakure n’ibindi.

Coco niko guca amwitwarira kubera kumumenagurira ibintu vyiwe nubwo Lolilo avugako ariwe yari yabimuguriye ko ntampamvu yo kubimurihisha.

Gusa amakuru avugwa nuko kugeza ubu Lolilo ngo yemeye kwishura ivyo bikoresho aha rero ivyo birashobora kumwongerera amahirwe yo kudateba mugasho kuko ntakindi caha yagirizwa atari ico.

Ubwo amakuru turaja turayamenya uko bimeze hama natwe tubamenyeshe ibigezweho nkuko tuba tubabereye aho mutari.


Joel Sengurebe

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.